Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Petero akizazaniwe mu mutima n’ivyo abonye yeretswe ivy’ ari vyo, abantu batumwe na Koruneliyo, bahejeje kubaza urugo rwa Simoni, bahagarara kw irembo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:17
9 Referans Kwoze  

basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Nanje nzazaniwe ingene nobaza ivy’ ivyo, ndamubaza yukw agomba kuja i Yerusalemu, gucirirway’ urubanza rw’ivyo.


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


Maz’ amara imisi myinshi i Yopa, kwa Simoni umuhazi w’insāto.


Bumvise ayo majambo umukuru w’abashibamyi b’urusengero n’abaherezi bakuru bazazanirwa n’ivyabo, ikizovamwo.


Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki?


Nukw ahejeje kubōza ibirenge, yābīra umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza, ati Mbega muramenye ico mbagiriye?


I Damasiko hār’ umwigishwa yitwa Ananiya: Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara, ati Ananiya. Na we ati Sabge, Mwami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite