16 Biba birtyo gatatu, ico kintu gica gisubizwa mw ijuru.
16 Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.
Ubu bugira bube ubga gatatu nza i wanyu. Ijambo ryose rizoringanizwa bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu.
Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.
Kand’ icatumye urota izo nzozi kabiri n’ukw ivyo vyashinzwe n’ Imana, kand’ izobishitsa vuba.
Maze Mpwemu aranterura, mbona ansubiza i Bukaludaya ku bajanywe ar’ inyagano, ndi mur’ ukwo kwerekwa neretswe na Mpwemu w’Imana. Maz’ ukwo kwerekwa nabonye guca kumvako.
Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.
Petero akizazaniwe mu mutima n’ivyo abonye yeretswe ivy’ ari vyo, abantu batumwe na Koruneliyo, bahejeje kubaza urugo rwa Simoni, bahagarara kw irembo,