Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: “Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:15
17 Referans Kwoze  

Izo zigurwa mw ibāgiro, mube muzirya ata co mubajije kubg’ ijwi ryo mu mutima:


Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.


Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.


kuko kitagiye mu mutima wiwe, ariko kija mu nda, kigaca mu nzira yaco? Ivyo yabivugiye kuzirura ivyo kurya vyose.


Ndabizi, kandi nemejwe neza n’Umwami Yesu, yukw ata gihumanya ubgaco; shit’ uwiyumvira kw ikintu gihumanya, ni we cohumanya.


arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.


Maz’ ijwi rimbarira ubugira kabiri rivuye mw ijuru, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira.


ntimusenyure igikorwa c’Imana kubg’ ivyo kurya. Vyose ntibihumanya koko, ariko, uwo muntu arya ibimutsitaza, azobona ibara.


ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.


mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.


Ubgo bgato buganishirizwamw’ ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bgato, ashitsa stadiyo igihumbi n’amajana atandatu, agera ku mijiginya y’amafarasi.


Biba birtyo gatatu, ico kintu gica gisubizwa mw ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite