Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Petero at’ Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira cank’ igihumanya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Petero na we yishura ati: “Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:14
19 Referans Kwoze  

Ni co gituma mukwiye gutandukanya ibihumanya n’ibidahumanya mu bitungano no mu bikōko, n’ibihumanya n’ibidahumanya mu bisīga no mu nyoni: ntimuze mwiyandurishe igitungano cank’ igikōko, cank’ igisīga cank’ inyoni, cank’ icikwega hasi ic’ ari co cose, ari vyo nasobanuye mu bindi ngo mumenye ko bihumanya.


Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega kuva aho nakabereye nta ho nigeze mpumana: kuk’ uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu ata ho nigeze kurya icipfiriye, cank’ icātabaguwe n’ igikōko; kandi nta ho inyama zihumanye zigeze kuja mu kanwa kanje.


Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.


arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya.


Aramubaza, at’ Uri nde ga Mwami? Na we ati Ni jewe Yesu, uwo urik’ urahīga;


Nyina arababgira, at’ Oya, ni yitwe Yohana.


Arikw abanyabgenge barabishura, bati Kumbure ntiyodukwira twese: ivyiza ni muje ku badandaza mwigurire.


Petero aramwihererana, atangura kumwamira, ati Ntibikāze, Mwami wanje, ntibize bikubeko na gato.


Abaherezi ntibakagire icipfiriye na kimwe bazorya, cank’ ikirangara, ar’ ico mu biguruka canke mu bitungwa.


Ivyo ntibishoboka; mwebge abagabo ni mugende, muje gusaba Uhoraho, kukw ar’ ico murondera! Babirukana imbere ya Farawo.


Loti arabishura, at’ Oyaye mugenzi, s’ uko!


Maz’ umunyamibembe aza kuri we, aramupfukamira, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.


Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.


Babona abigishwa biwe bamwe barisha ivyo kurya intoke zihumanye, bisobanurwa ngo zidakaravye.


Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’ iriba rikaba ari rirerire, non’ ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe?


Haza ijwi, riramubarira, riti Va hasi, Petero, ubāge, urye.


Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Aranyishura, ati Ndi Yesu Umunyanazareti, uwo urik’ urahīga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite