Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 abona ijuru ryugurutse, maze hamanuka ikintu kimeze nk’uruhuzu runiniya, rufashwe ku mitwe ine, kija hasi,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Abona ijuru ryugurutse, abona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururutswa hasi gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:11
28 Referans Kwoze  

yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ ubutumwa bgiza.


Arongera aramubgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgira yuko muzobona ijuru rikingurutse, kand’ abamarayika b’Imana badūga bamanuka ku Mwana w’umuntu.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


aho ntihaba Umugiriki cank’ Umuyuda, uwakebge cank’ ūtākebge, ūdebagura cank’ Umusikiti, umugurano cank’ uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand’ ari muri bose.


vy’ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Twebge mu kameremere kacu tur’ Abayuda, ntitur’ abanyavyaha bo mu banyamahanga.


ni bo Bisirayeli, ivyabo n’ugucika abana b’Imana, n’ubgiza, n’amasezerano, no guhabga ivyagezwe, no gusenga Imana, n’ivyasezeranywe:


Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.


Nanje ni namanikwa hejuru y’isi, nzokwikwegerako bose.


kandi s’ubgo bgoko bgonyene, ariko ngw abana b’Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe.


Nukw abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, arikw arasenga, ijuru rirakinguruka,


Ndababgira yuko benshi bazoza, bavuye i burasirazuba n’i burengerazuba, bazokwicarana na Aburahamu na Isaka na Yakobo mu bgami bgo mw ijuru;


Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.


Umwami Imana, umwe akoraniriza hamwe abāri birukanywe bo mu Bisirayeli, aravuze, ati Nzokwongera kumukoraniriza abandi, ukūye abiwe bāri bamaze gukoranywa.


nzobgira i burārūko, nti Barekure, n’i bumanuko, nti Ntubīmane; zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi;


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


hārimw’ ubgoko bgose bg’ibigenza amaguru ane, n’ibikwega inda hasi vyo kw isi, n’ibiguruka vyo mu kirēre.


ati Nari mu gisagara c’i Yopa, ndiko ndasenga, mbona neretswe nko mu nzozi ikintu kimanuka kivuye mw ijuru, kimeze nk’uruhuzu runiniya rufashwe ku mitwe ine, kiza aho ndi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite