Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 10:1
19 Referans Kwoze  

Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.


Maz’ abasoda b’ico cēgēra ca Kayisari bajana Yesu mw iboma, bateraniriza ingabo zose kuri we.


Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.


Ariko wa mugabisha w’abasoda, agomvye gukiza Paulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yukw abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe:


Nuko Fesito ashikiriye intāra amara gatatu, araheza ava i Kayisariya adūga i Yerusalemu.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Paulo abarira wa mugabisha w’abasoda ijana, hamwe n’abasoda na bo, at’ Aba ni bataguma mu bgato ntimushobora gukira.


Hashize imisi, umwami Agiripa na Berenike bashika i Kayisariya, baja kuramutsa Fesito.


Abo bashitse i Kayisariya bashīra icēgēra ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Paulo.


Ahamagara babiri bo mu bagabisha b’abasoda ijana, arababarira, ati Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n’abagendera ku mafarasi mirongwirindwi, n’ab’ amacumu amajana abiri, bahenge mw ijoro isaha zitatu bagende.


Bamaze kumubohesha imigozi, Paulo abaza umugabisha w’abasoda ijana ahagaze aho, ati Mbega biremerwa ko mukubita umuntu w’Umuroma, kand’ ata rubanza rwamutsinze?


Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.


Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha,


Nuko Yuda amaze guhabga n’abaherezi bakuru n’Abafarisayo ingabo z’abasoda, bo n’abagendanyi, ajayo, bari n’amatara n’ibimuri n’ibirwanishwa.


Hāriy’ umugabisha w’abasoda ijana, umushumba wiwe akunda cane yar’ arwaye, ari ku mpfiro.


Maz’ abasoda bamujana imbere mu rugo, ari rwo boma, bahamagara ingabo zose, ziraterana.


Bukeye bg’aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yar’ abīteze, yākoranije incuti ziwe n’abakunzi bo ku mutima.


Bakirondera ingene bamwica, inkuru ishika ku mukuru w’abagabisha b’abasoda yukw abo muri Yerusalemu bose bavurunganye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite