Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Amaze kuvuga artyo, adūzwa babona, igicu kimukūra mu maso yabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramufuka, ntibaba bakimubona.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 1:9
17 Referans Kwoze  

Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba ndaza iy’ uri, ndi mu gicu c’igipfungu c’ inzitane, kugira ngw abantu bumve aho ndiko ndavugana nawe, baheze bakwemere ibihe vyose. Mose abarira Uhoraho amajambo y’abantu.


Bumva ijwi rirenga rivuye mw ijuru ribabarira, riti Ni mudūge muze ino. Badūga mu gicu baja mw ijuru abansi babo barorēra.


None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu adūga aja iyo yahora ubga mbere?


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Imbūri yo kuri Egiputa. Rāba Uhoraho areruwe n’ igicu cihuta, aja muri Egiputa; ibigirwamana vyo muri Egiputa bizohindira agashitsi imbere yiwe, umutima wa Egiputa uzoyagira mu nda.


Uradūze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago, Uhērewe ingabire hagati y’ abantu: Mbere uzihērewe hagati y’ abagarariji na bo, kugira ng’ Uhoraho Imana abane na bo.


Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, ahagararana na we aho hantu, yivuga izina kw ar’ Uhoraho.


barababaza, bati Yemwe bagabo b’i Galilaya, n’iki gitumye muhagaze murāba mw ijuru? Uyo Yesu, abakūwemwo, akadūzwa mw ijuru, azoza artyo, nk’uko mumubonye aja mw ijuru.


maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite