Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Arabishura, ati S’ivyanyu kumenya imisi cank’ ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe n’imisi kuko Data ari we yabishizeho mu bubasha bwiwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 1:7
13 Referans Kwoze  

Arik’ uwo musi cank’ iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa.


Arik’ uwo musi cank’ iyo saha, nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa.


Ariko gutanga ivyicaro i buryo bganje cank’ i bumoso, s’ivyanje, shit’ abo vyateguriwe.


Ibikir’ amabanga n’ivy’ Uhoraho Imana yacu, arikw ibimaze guhishurwa n’ivyacu n’uruvyaro rwacu ibihe vyose, kugira ngo twitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe.


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


vy’ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


Arik’ umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye.


kuzokwerekanwa mu gihe cakwo n’Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa, ni yo Mwami w’abami, ūganza abaganza;


Kandi yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose, yashinze ibihe vy’imyaka ko bikūranwa uko yageze, icira abantu imbibe z’aho baba,


Arababgira, at’ Igikombe canje koko muzokinywerako, ariko gutanga ivyicaro i buryo bganje n’i bumoso, s’ivyanje, atar’ abo Data yabiteguriye.


N’iki gituma Īshobora vyose idashinga ibihe vy’imanza? N’iki gituma abayizi batabona iyo misi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite