Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 1:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Barabapfindira, ubupfindo bgerekana Matiya, nukw aharūranwa n’intumwa cumi n’imwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Nuko bagira ubupfindo, Matiyasi aba ari we atorwa, aca yongerwa kuri bamwe cumi n’umwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 1:26
15 Referans Kwoze  

Aroni aheze apfindire izo mpene zompi: ubupfindo bumwe bgerekane iyanje, ubundi bgerekane iyo gusendwa.


Nuko Yosuwa abapfindira ubupfindo imbere y’Uhoraho i Shilo; agabanganya Abisirayeli ico gihugu, nk’ukw imigabane yabo iri.


Bose baravugana, bati Ni muze dupfinde, tumenye ūtumye duterwa ibi vyago uw’ari we. Nuko barapfinda, ubupfindo bgerekana Yona.


Nuko babagabanganisha ubupfindo, ata gusumbanya, kuko, ari mu ba Eleyazari, ari mu ba Itamari, hāgenda habamw’ abakuru bakorera Ahēra, n’abakuru bakorera Imana.


Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.


Ugutahura n’isōko y’ubugingo k’ūgufise, Kand’ igihana ibipfu n’ubupfu bgavyo.


Imaze guhonnya amahanga ndwi mu gihugu c’i Kanani, ibēgurira ico gihugu cabo kuba ishamvu yabo. Maze nk’imyaka amajana ane na mirongwitanu ishize,


Imiryango cenda n’igihimba, amashamvu yabo bayaheshejwe n’ubupfindo, nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose;


Kandi twebge abaherezi n’Abalewi n’ abantu dupfinze ubupfindo ngo tumenye ukw amashikanwa y’ inkwi azohora azanwa mu ngoro y’Imana yacu, ukw amazu ya ba sogokuruza akurikirana ku mbu zacu; uk’ umwaka utashe izo nkwi n’izo gukoma icoto ku gicaniro c’Uhoraho Imana yacu, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe.


Abakuru b’abantu ni bo bāba i Yerusalemu; maz’ abandi bantu bose bapfinda ubupfindo kugira ng’ umuntu umwe‐umwe mur’ icumi na we az’ agerēre i Yerusalemu ku murwa wera, abandi basigaye babe mu bindi bisagara.


Utwo bapfindisha baduterera mu mpuzu zo mu gikiriza, Arik’ uko bigenda kwose bigerwa n’Uhoraho.


Nuko za ntumwa zikoranira aho Yesu ari, zimudondera ivyo zakoze vyose n’ivyo zigishije.


Bahagarika babiri, umwe ni Yosefu ari we Barusaba, irindi ni Yusito, uwundi na we ni Matiya.


Urugo ruziguje uwo murwa rufise amatanguriro cumi n’abiri, yanditswekw amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite