Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 1:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kuko mu gitabo ca Zaburi handitswe, ngw I we hasigare umusaka, Kandi ntihakagire uwundi ahaba, kandi ng’ Ububgiriza bgiwe busubiremw’ uwundi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Petero avuga ati: “Mu gitabu ca Zaburi handitswe ngo: ‘I muhira iwe haze habe umusaka, ntihagire n’umwe azohaba.’ Kandi ngo: ‘Aze asubirizwe mu mabanga yiwe y’uburongozi.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 1:20
9 Referans Kwoze  

I wabo hasigare imisaka, Kandi ntihakagire ūba mu mahema yabo.


gusubira mu kirenge ca Yuda mur’ iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe.


yukw Imana yabishikije kuri twebge abana babo, hamwe yazura Yesu. Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ng’ Ur’ Ubura bganje, uyu musi ndakuvyaye.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Ko Dawidi ubgiwe avuga mu gitabo ca Zaburi, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje,


ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu,


Baheze bazane ayandi mabuye, bayasanishe aho basambuye ya yandi, bazane n’iyindi ngwa, bahome iyo nzu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite