Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 1:14
27 Referans Kwoze  

musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry’Imana.


Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;


Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga;


Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,


Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.


Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;


None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


bama mu rusengero ubudasība bashima Imana.


Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


Abo bagore ni Mariya Magadalene na Yowana na Mariya nyina wa Yakobo: kandi n’abandi bagore bāri kumwe na bo, babarira intumwa ivyo.


Abagore bāri bavanye na Yesu i Galilaya bakurikira Yosefu, babona iyo mva, n’ingen’ ikiziga ciwe gishizwemwo.


Abazinanyi na Yesu bose n’abagore bāri bavanye i Galilaya na we bāri bahagaze kure barāba ivyo.


Maz’ isabato ishize, Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo, na Salome bagura ibimota neza, ngo baje kubimusīga.


Hāriho n’abagore bāri kure babirāba, muri bo hārimwo Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hārimwo na Salome.


Hāriho n’abagore benshi bāri kure babirāba; ni bo bākurikiye Yesu ava i Galilaya, bamukorera.


Ako kanya barīkora, basubira i Yerusalemu, basanga bamwe cumi n’umwe bakoranye, bo n’abāri kumwe na bo,


Baramubgira, bat’ Umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze bagomba kubonana nawe.


Nuk’ ūvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugira ngw ahabge kubisobanura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite