Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi. Abo bari aba: Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Baruteremi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 1:13
45 Referans Kwoze  

Maze hār’ amatara menshi mu cumba co mu nzu yo hejuru aho twari dukoraniye.


Na we arabereka icumba kinini co mu nzu yo hejuru gitunganijwe: abe ari co muteguriramwo.


Ubgiwe aribubereke inzu nini yo hejuru, isēzeye, iteguritse; abe ari yo muduteguriramwo.


Nukw arikw aragenda abona Lewi mwene Alufayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w’Umwami Yesu.


Barangije kuvuga, Yakobo aravuga, ati Bagabo bene Data, ni munyumvirize.


Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.


Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.


Maz’ iyo ncoreke ikumīra ibaza Petero, iti Mbega nawe uri mu bigishwa b’uyo muntu? Petero at’ Oya, sindimwo.


Toma ari we Hasa abgira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.


Ajana Petero na Yakobo na Yohana, atangura kwumirwa no guhagarika umutima cane.


Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene. Ahinduka ukundi imbere yabo,


Ntiyakundira uwundi muntu kujana na we, atari Petero na Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo.


Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro. Aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda,


maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose.


Yuda (atari Isikaryota), aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite