Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Bagihanze amaso mw ijuru akigenda, abagabo babiri bambaye impuzu zera bahagarara i ruhande yabo;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu yera, bahagarara i ruhande yabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 1:10
12 Referans Kwoze  

Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.


abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye umwe ku mutwe, uwundi mu mirambizo y’ah’ ikiziga ca Yesu cari kiryamye.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Maze binjiye mu mva, babona umusore yicaye mu ruhande rw’i buryo, yambaye imvune yera, barūmirwa cane.


Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,


Ishusho yiwe yasa n’umuravyo, impuzu ziwe zera nka shelegi.


Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’ intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’ umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere; intebe y’ubgami bgiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro, kand’ amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka.


Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


Aramwishura, at’ Unsavye ikigoye; mugabo ni wambona ngitandukanywa nawe, biza kukubera birtyo; na ho n’utambona, ntibiza kuba birtyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite