Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kandi zari zifise ibikīngira ibikiriza, bimeze nk’ivyuma, guhinda kw’amababa yazo kwari kumeze nk’uguhinda kw’imikogote ikwegwa n’amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mu bikiriza zari zambaye ivyuma vyo kuzikingira, kandi amababa yazo yavuza urwamo nk’urw’imikogote myinshi ikwegwa n’amafarasi aja ku rugamba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:9
8 Referans Kwoze  

Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.


Amagufa yayo ameze nk’imiheha y’imiringa; Ingingo zayo zimeze nk’ibihindizo vy’ivyuma.


Uko yumvise inzamba kwose iravuga, iti Ha ha ha ha! Kand’ ihemba intambara ikiri kure, N’uguhinda kw’abagabisha n’ akāyaga.


Kukw ivyākīngira abafise ibirwanishwa mu ntambara, n’impuzu zivumbagajwe mu maraso, bizoba ivyo gucanwa, bibe inkwi z’umuriro.


Bumvise kudida imigere kw’amafarasi yiwe ahambaye, n’ukugenda akabushungwe kw’ imikogote yiwe, n’uguhinda kw’ amakurudumu, bituma abavyeyi batanakebuka ngo barābe abana babo kubgo gucika inkokora;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite