Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Zihabga kutabica, ariko zihabga kubasesereza amezi atanu. Kandi kubabaza kwazo kumeze nk’ukwa sikorupiyo iyo iriye umuntu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Izo nzige zihabwa ububasha bwo gutoteza abantu amezi atanu, ariko ntizemererwa kubica. Umubabaro zatera wari umeze nk’uwo umuntu agira akomowe na sikoropiyo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:5
12 Referans Kwoze  

Kandi zari zifise imirizo nk’iya sikorupiyo, n’imbōyi, kandi mu mirizo yazo ni ho harimw’ ubushobozi bgo gusesereza abantu amezi atanu.


Uhoraho yishura Satani, at’ Eh’ ari mu kuboko kwawe; kimwe gusa, uzigurize ubugingo bgiwe.


Mu mwotsi havamw’ inzige zija mw isi, zihabga ububasha bgo gukora ivyo sikorupiyo zo kw isi zibasha gukora.


Gihabga kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.


Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.


Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.


Ut’ Ariko naho data yabatwaje igitugu, uti Jeho nzorushiriza; uti Data yabakubitisha ibimōko, ut’ Ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.


ababarira nk’ukw inama ya ya misore iri, ati Data yabatwaje igitugu, ariko jeho nzorushiriza; data yabakubitisha ibimōko, ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.


Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite