Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Zibgirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw isi cank’ ikintu cose kibisi cank’ igiti cose, atar’ abantu batādomwekw ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nuko izo nzige zitegekwa kutonona ivyatsi, ibiterwa canke ibiti, ariko zitegekwa kubabaza ababa kw’isi bose badafise ikimenyetso c’Imana ku ruhanga.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:4
15 Referans Kwoze  

Nuk’ Uhoraho aramubgira, ati Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ ibizira vyose bikorerwa hagati muri co, bikabariza.


Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


Numva hagati y’ivyo binyabugingo bine nk’ijwi rivuga, rit’ Ingero imwe y’ingano n’idenariyo‐idenariyo, n’ingero zitatu za sayiri n’idenariyo‐idenariyo: arikw amavuta na vino ntugire ic’ ubikorako.


mwice mutikize umutāma n’umusore n’ umwigeme n’abana bato n’ abagore: ariko ntihagire umuntu n’umwe mwēgēra mu barikw ico kimenyetso; kandi muhēre ku rusengero rwanje rwera. Baca bahēra kuri ba bakuru bār’ imbere y’ingoro.


Kuk’ Uhoraho azohaca, azanywe no kwica Abanyegiputa: kand’ ah’ azobona ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, Uhoraho azorengana iyo nzu, ntazokundira umuranduzi kwinjira mu nzu zanyu ngw abice.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa.


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.


N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.


Uhoraho yishura Satani, at’ Eh’ ivy’ afise vyose biri mu kuboko kwawe; ariko we ku mutumba wiwe ntuz’ umukoreko. Nuko Satani aca arasohoka, ava imbere y’Uhoraho.


Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’ atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’ itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu.


Uhoraho yishura Satani, at’ Eh’ ari mu kuboko kwawe; kimwe gusa, uzigurize ubugingo bgiwe.


Hanyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite