Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mujumbu, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:20
43 Referans Kwoze  

ariko winantaje ku Mwami Nyen’ ijuru, uzanirwa ibintu vyo mu ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abaganwa bawe n’ abamikazi bawe n’incoreke zawe z’intoni mubinyweremw’ ibiturire; maz’ uhimbaza imana z’ ifeza n’iz’ izahabu n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye, zidashobora kubona canke kwumva canke kumenya; arikw Imana Rurema ifise impwemu zawe mu kuboko kwayo, ari yo igaba inzira zawe zose, ntiwayihaye icubahiro.


Kuko nzi yuko, ni namara gupfa, muzokwononekara rwose, mugakikama mugata inzira mbagera uyu musi; kand’ amaherezo, ivyago bizobatera, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, mukamurakisha ibikorwa vy’intoke zanyu.


kandi ntibihana ngo bareke ubgicanyi bgabo, cank’ uburozi cank’ ubushakanyi cank’ ubusuma.


Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’ impwemu zizimiza no ku vy’ inyigisho z’abadayimoni,


Murabona kandi murumva yukw atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, at’ Imana zākozwe n’intoke si zo mana.


Bironkera igishushanyo c’imasa mur’ iyo misi, ico kigirwamana bakizanira ibimazi, bahimbarwa n’ibikorwa vy’intoke zabo.


Nanje nzokwātamīra amateka mbaciriye kubg’ ibibi vyabo vyose bākoze; kuko bāndetse, bakosereza imibavu izindi mana, bagasenga ivyakozwe n’intoke zabo.


kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.


Non’ umuntu wese kw ar’ ikiyingiyingi ata bgenge agira! Umucuzi w’izahabu wese azotēterezwa n’igishushanyo ciwe yasaruye, kukw igishushanyo ciwe yavugutiye mu nkero ar’ ic’ ibinyoma, kandi nta mpwemu ziba muri vyo.


Nuko rero, ko tur’ uruvyaro rw’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yukw Imana isa n’izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye, ivyābājwe n’ubuhinga n’ubgenge bg’abantu.


Kuko Yohana yaje muri mwebge agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Arikw abatozakori n’abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.


Kandi n’iki gituma mundakisha ibikorwa vy’amaboko yanyu, mu kwosereza imibavu izindi mana mu gihugu ca Egiputa, aho mwaroye kuba, bikabakwegera guherengetezwa, mugahinduka ibivume n’iciro ry’imigani mu mahanga yose yo mw isi?


Kandi ntimugakurikire izindi mana ngo muzisabe, muzisenge; ntimukamurakishe ibikorwa vy’intoke zanyu: na we ntazogira ivyago abatēza.


Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.


Mbere batanga kw ibimazi abahungu babo n’abakobga babo babaha abadayimoni,


muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe busukwa aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe bururumba kur’ aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


Bahaye ibimazi abadayimoni batar’ Imana, Bahaye ibimazi imana batigeze kumenya, Imana nsha z’inzaduka, Izo ba sogokuruza batātinya.


Uwa kane asuka urwavya rwiwe mu zuba. Rihabga kubaburisha abantu umuriro.


Nuk’ umuhinga aremesha umucuzi w’izahabu, ūryohoza inyundo akaremesha ūcurira kw ibuye, akavuga, at’ Ivyuma twabiteranije neza; maz’ akagikomeresha imisumari ngo kigume.


Igihugu cabo cuzuye n’ibigirwamana; basenga ivyakozwe n’amaboko yabo, intoke zabo ubgabo ari zo zabikoze.


Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,


Ntibaze bapfe basubiye gukererera ibisigo vy’amapfizi y’impene ibimazi vyabo, ari vyo bahurumbira nk’ ibimaka. Ico kize kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Muzohasabira imana zābājwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye, zitaruha zibona canke ngo zumve canke ngo zirye canke ngo zimoterwe.


banywa ibiturire, bahimbaza imana z’izahabu n’iz’ ifeza n’iz’ imiringa n’iz’ ivyuma n’iz’ ibiti n’iz’ amabuye.


Nzorandura muri wewe ibishushanyo vyawe bibājwe, n’ibigirwamana vyawe vy’ inkingi; ntuzokwongera gusenga ivyakozwe n’amaboko yawe.


Kuk’ ububasha bg’ayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo: kukw imirizo yayo imeze nk’inzoka, na yo iri n’imitwe, kandi ni yo aryanisha.


Mbona ikindi kimenyetso mw ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, ni vyo vy’iherezo, kuko mur’ ivyo ari ho uburake bg’Imana buheraherezwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite