Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu, rupfundukamw’ umwotsi nk’uw’ itanure rinini, izuba n’ikirēre bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’ urwo rusumanyenzi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Yuguruye ico cobo, haca hapfunduka umwotsi umeze nk’uw’itanure rinini, maze izuba n’ikirere bica bitakaza umuco wavyo kubera uwo mwotsi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:2
16 Referans Kwoze  

Imbere yabo isi iratigita, n’ijuru rigahinda agashitsi; izuba rigacura umwiza bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zigaca zireka kwaka.


yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.


n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe.


Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru, N’ibimenyetso hasi kw isi, Amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.


Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.


Wa rembo we, boroga! Nawe gisagara, urire! Bufilisitiya we, iy’ uva ukagera hose, urayaze nk’amavuta, kukw i burārūko havuye umwotsi, kandi nta wusigara yikwega mu ngabo ziwe.


Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.


Uwo musozi Sinayi upfūndūka umwotsi wose, kuk’ Uhoraho yamanutse, aje kuri wo ari mu muriro: umwotsi wawo upfūndūka nk’uw’itanure, umusozi wose utigita birengeje.


Maz’ izuba rirenze, bumaze gukorana, haboneka ikibengebenge c’umuriro gipfūndūka umwotsi n’ urumuri rwaka, bica hagati y’ivyo bihimba.


Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.


Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.


arik’ umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, mur’ ako kanya aca atererwa mw itanure ry’umuriro uhinda.


Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw isi ivuye kw ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu.


Zifise umwami wazo, ni we mumarayika w’i kuzimu, mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu Kigiriki yitwa Apoluwoni.


Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y’ubgami ya ca gikōko. Ubgami bgaco bucura umwiza, uburibge butuma bahekenya indimi zabo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite