Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Nuko ica gatatu c’abari kw’isi bicwa n’ivyago bitatu vy’umuriro, umwotsi, n’ibizuku vyava mu kanwa k’ayo mafarasi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:18
9 Referans Kwoze  

Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga; ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso;


ikigira gatatu c’ivyaremwe vyo mu kiyaga bifise ubugingo kirapfa; ikigira gatatu c’amato kirahona.


Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko.


Iyo nyenyeri yitwa Mururazi. Ikigira gatatu c’amazi gihinduka umururazi, abantu benshi bicwa n’ayo mazi, kuko yarurishijwe.


Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.


Kuk’ ububasha bg’ayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo: kukw imirizo yayo imeze nk’inzoka, na yo iri n’imitwe, kandi ni yo aryanisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite