Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ndiko nderekwa, mbona ayo mafarasi n’abayagenderako. Bari bitwaje inkinzo zitukura, izisa n’ubururu, hamwe n’izisa n’umuhondo. Ayo mafarasi yari afise imitwe nk’iy’intambwe, kandi mu kanwa hayo havayo umuriro, umwotsi n’ibizuku.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:17
16 Referans Kwoze  

Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.


Kandi no mu Bagadi, abīherereje ku ruhande rwa Dawidi, igihe yari mw isenga mu bugaragwa, bār’ abantu b’abahizi, bīze ivyo kurwana, bazi uburyo bgo gutwara inkinzo n’amacumu, bateye ubgoba nk’intambge, biruka nk’ingeregere iyo ziruka ku misozi;


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Kukw ikirundo c’inkwi citeguwe uhereye kera, mbere citeguriwe umwami; Uhoraho yakigize kirekire kandi kinini; ibigikomanije n’umuriro n’ibigiga vyinshi; impwemu z’Uhoraho zimeze nk’ umugezi w’amazuku ni zo zibidometse.


Abanyakibi azobarekurirakw amakara yaka n’amazuku; Umuyaga w’indugumba uzoba umugabane mu gikombe cabo.


Uhoraho atiburira kuri Sodomu na Gomora umuriro n’ amazuku, bivuye kuri we mw ijuru;


Kand’ iy’ umuntu agomvye kubagirira nabi umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo: kand’ umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni kw akwiye kwicwa.


Kandi zari zifise ibikīngira ibikiriza, bimeze nk’ivyuma, guhinda kw’amababa yazo kwari kumeze nk’uguhinda kw’imikogote ikwegwa n’amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara.


Ukuboko kw’Uhoraho kwari kwarāye kunjeko ku mugoroba, iyo mpunzi itaraza; kandi yar’ agobotoye akanwa kanje uyo atarashika aho ndi bukeye mu gitondo; nukw akanwa kanje karagobodoka, ururimi ntirwari rukigobge.


irya gatanu ryari sarudonikisi, irya gatandatu ryari sarudiyo, iry’ indwi ryari kirusolito, iry’ umunani ryari berulo, iry’ icenda ryari topazi, iry’ icumi ryari kirusopuraso, iry’ icumi na rimwe ryari huwakinto, iry’ icumi na kabiri ryari ametusito.


Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.


nkiriko ndavuga nsenga, wa mugabo Gaburiyeli nabonye mu vyo nabanje kwerekwa, aratumwa aguruka n’ingoga, anyegēra nko mu gihe co gutanga ikimazi ca ni kera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite