Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Nuko ba bamarayika bane bararekurwa. Bari bateguriwe iyo saha, uwo musi, uko kwezi, uwo mwaka nyene, kugira ngo bice ica gatatu c’abantu bari kw’isi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:15
9 Referans Kwoze  

Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


ikigira gatatu c’ivyaremwe vyo mu kiyaga bifise ubugingo kirapfa; ikigira gatatu c’amato kirahona.


Kandi zari zifise imirizo nk’iya sikorupiyo, n’imbōyi, kandi mu mirizo yazo ni ho harimw’ ubushobozi bgo gusesereza abantu amezi atanu.


Zihabga kutabica, ariko zihabga kubasesereza amezi atanu. Kandi kubabaza kwazo kumeze nk’ukwa sikorupiyo iyo iriye umuntu.


Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga; ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso;


Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko.


Kand’ iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite