Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Zifise umwami wazo, ni we mumarayika w’i kuzimu, mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu Kigiriki yitwa Apoluwoni.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:11
18 Referans Kwoze  

I kuzimu hambaye ubusa imbere y’Imana, Mu mahonero nta mwambaro hikinzeko.


ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


ivy’ amateka, kuk’ umwami w’iyi si yaciriwekw iteka.


Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.


Mweho mur’ abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: kuk’ Ūri muri mwebge aruta ūri mu b’isi.


Non’ ubu iyi si iciriwekw iteka, non’ ubu umutware w’iyi si agira ahindirwe hanze.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Amahonero n’urupfu biravuga, Biti Twumvise impuha zabgo ku matwi gusa.


Coba ar’ umuriro utongora gushitsa uhoneje, Ugaturira imirima yanje yose.


Mbeg’ imbabazi zawe zizovugirwa mu mva? Canke k’ur’ umwizigirwa bizovugirwa mu mahonero?


I kuzimu n’amahonero bigaragarira Uhoraho, Non’ imitima y’abana b’abantu ntirushirije kumugaragarira?


Baramwinginga ngo ntababarire kuja i kuzimu.


Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu.


Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru‐Magedoni mu Giheburayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite