Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kandi zari zifise imirizo nk’iya sikorupiyo, n’imbōyi, kandi mu mirizo yazo ni ho harimw’ ubushobozi bgo gusesereza abantu amezi atanu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Zari zifise imirizo ikomora nk’iya sikoropiyo kandi ububasha bwo kubabaza abantu amezi atanu bwari mu mirizo yazo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:10
7 Referans Kwoze  

Zihabga kutabica, ariko zihabga kubasesereza amezi atanu. Kandi kubabaza kwazo kumeze nk’ukwa sikorupiyo iyo iriye umuntu.


Mu mwotsi havamw’ inzige zija mw isi, zihabga ububasha bgo gukora ivyo sikorupiyo zo kw isi zibasha gukora.


Kuk’ ububasha bg’ayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo: kukw imirizo yayo imeze nk’inzoka, na yo iri n’imitwe, kandi ni yo aryanisha.


Ut’ Ariko naho data yabatwaje igitugu, uti Jeho nzorushiriza; uti Data yabakubitisha ibimōko, ut’ Ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.


ababarira nk’ukw inama ya ya misore iri, ati Data yabatwaje igitugu, ariko jeho nzorushiriza; data yabakubitisha ibimōko, ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.


Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite