Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw isi ivuye kw ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umumarayika wa gatanu avugije inzamba yiwe, nca mbona inyenyeri ikorokeye hasi ivuye kw’ijuru. Iyo nyenyeri ica ihabwa urupfunguruzo rw’icobo kijana i kuzimu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:1
20 Referans Kwoze  

Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko.


Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu, rupfundukamw’ umwotsi nk’uw’ itanure rinini, izuba n’ikirēre bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’ urwo rusumanyenzi.


cank’ uti Ni nde azomanuka i kuzimu? (risobanurwa ngo kudūgana Kristo, amukūye mu bāpfuye).


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Baramwinginga ngo ntababarire kuja i kuzimu.


Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.


Mbona abamarayika ndwi bama bahagarara imbere y’Imana bahabga inzamba ndwi.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


Arababgira, ati Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo.


Ewe kuntu ukorotse uvuye kw ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu we, wa mwana w’umutwenzi! Ewe ingen’ uciwe ugashika hasi, wewe watsinda amahanga!


inyenyeri zo kw ijuru zikorokera hasi, nk’uk’ umusukoni uzungagizwa n’igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza:


Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite