Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ikigira gatatu c’ivyaremwe vyo mu kiyaga bifise ubugingo kirapfa; ikigira gatatu c’amato kirahona.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ica gatatu c’ibiba mu kiyaga bica birapfa, n’ica gatatu c’ubwato burasambuka.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:9
13 Referans Kwoze  

Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ay’ ūpfuye: ikintu cose co mu kiyaga kiri n’ubugingo kirapfa.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.


Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko.


no ku māto yose y’i Tarushishi, no ku bishushanyo vyose binezereza.


Mur’ ico gihugu cose, ni k’Uhoraho agize, ibice bibiri vyo muri co bizorandurwa bipfe, arikw ica gatatu kizosigazwaho.


Usāvya amāto y’i Tarushishi, Uyasābishije umuyaga uturutse i burasirazuba.


Imbūri yo kuri Tiro. Boroga, yemwe māto y’i Tarushishi: kukw i Tiro hageseye, bigatuma ata mazu akiriho, ata n’aho gutaha; izo nkuru bazibgiwe zivuye mu gihugu c’i Kupuro.


Amafi yo mu ruzi arapfa; uruzi ruranuka, Abanyegiputa ntibashobora kunywa amazi yo mu ruzi; amaraso aba mu gihugu cose ca Egiputa.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite