Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga; ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Umumarayika wa kabiri avugije inzamba yiwe, ikintu kimeze nk’umusozi waka umuriro, gitabwa mu kiyaga. Maze ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:8
13 Referans Kwoze  

Ehe tuzohigūra twe nawe, wa musozi ugeseza we, ni jewe Uhoraho mbivuze, wagesheje isi yose: nzokubangurirak’ ukuboko kwanje, ngucuranguze ngukūre ku rutare, nguhindure umusozi uhiye inkomvorera.


Ndababgira ukuri yuk’ umuntu wese yobgira uyu musozi, ati Shingūka utabge mu kiyaga: ntabikekeranye mu mutima, arikw akizera yukw ico avuze gikorwa, azokibona.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu.


Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli.


Mur’ ico gihugu cose, ni k’Uhoraho agize, ibice bibiri vyo muri co bizorandurwa bipfe, arikw ica gatatu kizosigazwaho.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite