Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Umumarayika wa mbere avugije inzamba yiwe, urubura n’umuriro bivanze n’amaraso bica bisukwa kw’isi. Maze ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti n’ica gatatu c’ivyatsi birasha.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:7
29 Referans Kwoze  

Zibgirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw isi cank’ ikintu cose kibisi cank’ igiti cose, atar’ abantu batādomwekw ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo.


Nzomushitsakw iteka namuciriyeko, ndamuhanishe ikīza no kuvishwa amaraso; kandi we n’ingabo ziwe n’ amahanga menshi ari kumwe na we, nzobarekurirakw imvura y’ isegenya, n’imināna y’urubura, n’ umuriro n’amazuku.


Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Rāba Uhoraho afise umunyenkomezi w’ubushobozi; ni we azobatūra hasi n’inkomezi, nk’akabushungwe k’urubura, nk’ikirura gitikiza, nk’ugusendanisha kw’amazi y’inkomezi ashēshe.


Abarungikira urubura mu gishingo c’imvura, N’umuriro ururumba mu gihugu cabo.


Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo ririvye nk’italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogota ku Mana, kukw icago carwo gikomeye cane.


Arik’ urubura ruzotsinda ikibira hasi, igisagara gisangangurwe rwose.


Kand’ Uhoraho azotuma ijwi ryiwe ry’icubahiro ryumvikana, azokwerekana ugukubita kw’ukuboko kwiwe mu bushangashirwe bg’uburake, no mu rubeya rw’umuriro utongora, no mu gusegenyuka kw’imvura n’ ikirura n’imināna y’urubura.


Hazoba guterwa n’Uhoraho Nyen’ ingabo, kw’imituragaro, n’ugutigita kw’isi, n’ukwasana gukomeye, n’agashururu, n’ikirura, n’imbeya z’umuriro utongora.


Maze bakiriko barahunga Abisirayeli, bakimanuka bava i Beti‐horoni, Uhoraho arekura imināna ivuye mw ijuru, igenda irabahonda barinda bashika i Azeka. Nuko barapfa: abishwe n’ urwo rubura bāruta abo Abisirayeli bicishije inkota.


Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikōko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


Mbona ifarasi ibenjutse; kand’ ūyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabga ububasha ku kigira kane c’isi, ngo babicishe inkota n’inzara n’urupfu n’ibikōko vyo kw isi.


Kuko, Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi, Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi; Ivyatsi birūma, amashurwe agahunguruka,


Kukw izuba rirasa, rizanye indugumba, rikūmisha ivyatsi, amashurwe yavyo agahunguruka, ubgiza bg’ishusho yayo bugashira. Uko ni k’umutunzi azoyonga mu ngendo ziwe.


Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.


Nuko Mose ava imbere ya Farawo, asokoroka mu gisagara, yayira amaboko Uhoraho, ya mituragaro n’urubura birashira, imvura ntiyongera kugwa kw isi.


Hanyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite