Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:5
24 Referans Kwoze  

Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Kandi kuri ya ntebe y’ubgami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’ imuri ndwi z’umuriro zākira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana:


isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka.


Hazoba guterwa n’Uhoraho Nyen’ ingabo, kw’imituragaro, n’ugutigita kw’isi, n’ukwasana gukomeye, n’agashururu, n’ikirura, n’imbeya z’umuriro utongora.


Kand’ Uhoraho aturagarira mw ijuru, Ūsumba vyose avugisha ijwi ryiwe, Hakaba urubura n’amakara yaka.


Yābire icotero, acuzuze amakara y’umuriro akūye ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agende yujuje amashi imibavu iseye igogōye, y’ ibintu bimoga, avyinjize hirya ya ca gihuzu;


Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.


Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso:


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Naje guta umuriro mw isi, non’ iyaba war’ umaze gufatwa, mba nkigomba iki kandi?


Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami; amapfa no kunyiganyiga kw’isi bizobaho henshi;


Umve urwānāga rwumvikana ku murwa, ruturutse mu rusengero! N’Uhoraho asubiriza abansi biwe mu nkōko.


Kand’ Uhoraho azotuma ijwi ryiwe ry’icubahiro ryumvikana, azokwerekana ugukubita kw’ukuboko kwiwe mu bushangashirwe bg’uburake, no mu rubeya rw’umuriro utongora, no mu gusegenyuka kw’imvura n’ ikirura n’imināna y’urubura.


Aramwishura, ati Sohoka uhagarare hanze ku musozi imbere yanje, jewe Uhoraho. Ako kanya Uhoraho arahaca, maze haza umuyaga mwinshi w’igihuhuta usatagura imisozi, umenagura ibitandara imbere y’Uhoraho; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ uyo muyaga. Umuyaga uciye, habaho gutigita kw’isi; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ ukwo gutigita.


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


Ku musi ugira gatatu mu gatondo haba imituragaro n’imiravyo, n’igicu c’igipfungu kizitanye kur’ uwo musozi, humvikana n’ijwi ry’inzamba rirengēra cane; abantu bose bar’ aho bashagaje bahinda agashitsi.


Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngw ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’ imbere y’iyo ntebe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite