Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ndarāba, numva inkukuma iguruka yātiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ Ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw isi kubg’ ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:13
12 Referans Kwoze  

Ibara rya kabiri riraheze: eh’ irya gatatu rigira rize.


Ibara rya mbere riraheze, eh’ ukundi kubona ibara kubiri guhava kuza hanyuma.


Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.


akizingururira imbere yanje: kandi cari canditswe imbere n’inyuma; canditswemw’ intimba n’amaborogo n’amahano.


Mbona umumarayika ahagaze ku zuba; asemerera n’ijwi rirenga, abarira ibisīga vyose biguruka vyātiriye ijuru, ati Ni muze mukoranire amazimano menshi y’Imana,


Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw isi ivuye kw ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Muhimbaze Uhoraho, mwebge bamarayika biwe: Mwebge banyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe Kubangira ugutwi ijwi ry’ ijambo ryiwe.


Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Mbona abamarayika ndwi bama bahagarara imbere y’Imana bahabga inzamba ndwi.


Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’ Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite