Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:12
26 Referans Kwoze  

Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.


Kukw inyenyeri zo kw ijuru n’uburundo bgazo bitazokwaka, izuba rizocura umwiza rikirasa, n’ukwezi ntikuzobonesha umuco wakwo.


Imbere yabo isi iratigita, n’ijuru rigahinda agashitsi; izuba rigacura umwiza bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zigaca zireka kwaka.


Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso:


Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Ariko mur’ iyo misi, hanyuma y’ayo marushwa, izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo,


Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.


Izuba rizocura umwiza, bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zizoca zireka kwaka.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda;


Maz’ isaha zitandatu zishitse, ubgīrakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa kw isaha y’icenda.


Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.


Nararāvye, mbona isi, nsanga ar’ imisaka irik’ ubusa gusa; n’ijuru n’uko, ata n’umuco rigira.


Izuba rizocura umwiza, N’ukwezi guhinduke amaraso, Hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w’Uhoraho:


Maze kur’ uwo musi, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzorengesha izuba mu mashōka, nzane ubgirakabiri kw isi hakiri ku murango.


Ni ho ukwezi kuzomāramāra, izuba ritētērwe; kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo azoba ari ku ngoma ku musozi Siyoni ari ho Yerusalemu, agire icubahiro imbere y’abashingantahe biwe.


Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y’ubgami ya ca gikōko. Ubgami bgaco bucura umwiza, uburibge butuma bahekenya indimi zabo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite