Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Iyo nyenyeri yitwa Mururazi. Ikigira gatatu c’amazi gihinduka umururazi, abantu benshi bicwa n’ayo mazi, kuko yarurishijwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Izina ry’ico kinyenyeri ni Mururazi. Maze ica gatatu c’amazi yose aca ahinduka umururazi, kandi abantu benshi banyoye ayo mazi y’umururazi barapfa.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:11
17 Referans Kwoze  

Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize ku vya ba kamenyi: at’ Ehe rāba, nzobagaburira ivy’ umururazi, nzobanywesha amazi y’ubumara: kukw ibihumanya vyasāvye igihugu cose, biturutse kuri ba kamenyi b’i Yerusalemu.


nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Rāba, aba bantu nzobagaburira ivy’ umururazi, mbahe amazi y’ubumara ngo bayanywe.


Muri mwebge ntihaze hagire ūkūra umutima k’Uhoraho Imana yacu, ngw aje gusaba imana z’ayo mahanga, ar’ umugabo cank’ umugore cank’ inzu cank’ umuryango; kugira ngo muri mwebge hoye kuba umuzi uzana ibamba n’umururazi.


Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,


Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,


Ibuka umubabaro wanje n’ intuntu yanje, umururazi n’ indurwe.


Arikw iherezo ryiwe rirura nk’umururazi, Rikarishe nk’ubūgi bg’inkota.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,


Yaranziguje, ankikiza indurwe n’umubabaro.


Arabishura, ati Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi.


Bashitse i Mara, ntibāshobora kunywa amazi yaho, kuko yar’ umururazi; ni co catumye hitwa Mara.


Mur’ ico gihugu cose, ni k’Uhoraho agize, ibice bibiri vyo muri co bizorandurwa bipfe, arikw ica gatatu kizosigazwaho.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite