Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Umumarayika wa gatatu avugije inzamba yiwe, ikinyenyeri kinini caka nk’itara kirakoroka kivuye kw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi n’amasoko y’amazi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:10
21 Referans Kwoze  

Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe mu nzūzi no mu masōko, bicika amaraso.


Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw isi ivuye kw ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu.


Ewe kuntu ukorotse uvuye kw ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu we, wa mwana w’umutwenzi! Ewe ingen’ uciwe ugashika hasi, wewe watsinda amahanga!


inyenyeri zo kw ijuru zikorokera hasi, nk’uk’ umusukoni uzungagizwa n’igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza:


Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


n’imipfunda yo mu kiyaga isūriranya, babimba ifuro ry’ibiteye isoni vyabo; n’inyenyeri ziyerera zibīkiwe umwiza w’umuzitanya ibihe bidashira.


Arababgira, ati Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo.


Ni co gituma muzovomana umunezero mu mariba y’agakiza.


aja inama n’abaganwa biwe n’abashingantahe biwe, kugira ngo bazibire amariba ar’ inyuma y’igisagara; bemera gufatanya na we.


Maz’ abantu b’i Buyuda ibihumbi bitatu baca baramanuka, basanga Samusoni muri ca gihoro co mu gitandara c’ahitwa Etamu; baramubaza, bati Mbega ntuzi yukw Abafilisitiya ari bo batuganza? Non’ ivyo udukoreye n’ibiki? Arabishura, at’ Erega kwar’ ukubasubiriza mu nkōko ivyo bāngiriye.


Mur’ ico gihugu cose, ni k’Uhoraho agize, ibice bibiri vyo muri co bizorandurwa bipfe, arikw ica gatatu kizosigazwaho.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Ico gihe ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite