Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kand’ amennye ikigira indwi kimatanije ico gitabo, haba agacerere mw ijuru nk’igihimba c’isaha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yuguruye ikigira indwi, haca haba agacerere mw’ijuru kamara nk’igice c’isaha.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:1
14 Referans Kwoze  

Ni muhwekerere imbere y’ Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kukw avyukurutse i we, ahēra hiwe.


Yamar’ Uhoraho we, ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose n’ihwēkērere imbere yiwe.


Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.


Umutima wanje uhwekereye ku Mana yonyene: Ni yo agakiza kanje kandurukako.


Haca haboneka ikintu gihagaze, ariko sinashobora kwihweza uko casa; Hār’ ishusho imbere y’amaso yanje: Habah’ agacerere, maze numva ijwi rivuga,


Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso:


Kand’ amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise.


Mbona igitabo mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n’inyuma, kidombagijek’ udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw’ ikimenyetso.


Kand’ amennye ica kane kimatanije ico gitabo, numva ijwi ry’ikigira kane mu binyabugingo, kiti Ngwino.


Kand’ amennye ica gatatu kimatanije ca gitabo, numva ikigira gatatu mu binyabugingo, kiti Ngwino. Mbona ifarasi y’agafyiri: kand’ ūyicayeko yar’ afise umunzane mu minwe.


Kand’ amennye ica kabiri kimatanije ca gitabo, numva ikigira kabiri mu binyabugingo, kiti Ngwino.


Uhwekerere imbere y’Uhoraho, umurorēre wihanganye: Ntuhagarikwe umutima n’ ūguwe neza mu rugendo rwiwe, N’umuntu ashitsa imigabo mibi.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihomakw ishashara, bayidomamw’ ikimenyetso, abo barinzi babona.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite