Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Inyuma y’ivyo nca mbona isinzi ry’abantu batoharurika, bavuye mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’inganji n’imbere ya wa Mwagazi. Bari bambaye amakanzu yera, bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:9
41 Referans Kwoze  

Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


bābīra amashami y’ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera, bati Hoziyana: hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, ni we Mwami w’Abisirayeli.


Nsaba, nzoguha amahanga, az’ abe umwandu wawe, N’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa ah’ igitigiri c’abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.


ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Ico gihe bazokwita Yerusalemu intebe y’ubgami bganje, jewe Uhoraho, kand’ amahanga yose azokoranirizwa i Yerusalemu mw izina ryanje, jewe Uhoraho: ntibazoba bakigendera ukundi mu budadarare bg’imitima yabo mibi.


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


Kandi kur’ uwo musi w’intangamarāra muze mwābīre ku vyiza‐vyiza vyamye ku biti, n’amashami y’ibigazi, n’amashami y’ibiti bitwaye intunda, n’ibiti vyameze i ruhande y’inzūzi; mumare imisi ndwi munezererewe imbere yanje, Uhoraho Imana yanyu.


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


Ni co catumye umuntu umwe — kand’ uwo yar’ akāheze — yāmukwako n’isinzi nk’inyenyeri zo kw ijuru, kandi n’abangana n’umusenyi uri kw isēsero ry’ikiyaga utoharūrika.


Kubg’ ivyo mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


Nuk’ umwami Dariyo yandikira amoko yose n’amahanga n’ abavuga indimi zitari zimwe baba mw isi yose, at’ Amahoro agwire muri mwebge!


Yibutse imbabazi ziwe n’ukugororoka kwiwe, ngw abigirire inzu ya Isirayeli: Abo ku mpera z’isi zose babonye agakiza k’Imana yacu.


Jewe umwami Nebukadineza ndabandikiye, moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe mwese, muri kw isi yose: amahoro agwire muri mwebge.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.


Ku musi w’umubabaro wanje narondeye Umwami Imana: Ukuboko kwanje mw ijoro kwararāmvuwe, ntikwatenzura; Umutima wanje wanka kwirurwa.


Kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’umukungugu wo hasi: namb’ umuntu yoshobora guharūra umukungugu wo hasi, n’uruvyaro rwawe na rwo rwoharūrwa.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


Ur’ uw’ icubahiro n’ubgiza bginshi, utabarutse mu misozi yuzuye iminyago.


Nzobahamagaza uruhwa mbakoranye, kuko nabacunguye; kandi bazogwira nk’uko bamye bagwira.


Abo mu muryango wa Zebuloni n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Yosefu n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Benyamini bādomwekw ikimenyetso n’ibihumbi cumi na bibiri.


Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y’Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abagurano bayo bazokwama bashashe,


Hanyuma agera ikindi gihumbi, aba uruzi ntashobora kujabuka: kukw amazi yari yuzuye, yar’ asigaye ar’ ayo kujabukwa n’uwoga, uruzi ntirwari rukijabukwa igihagararo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite