Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abo mu muryango wa Simeyoni n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Lewi n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Isakari n’ibihumbi cumi na bibiri:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 mu wa Simeyoni bari ibihumbi cumi na bibiri, mu wa Lewi bari ibihumbi cumi na bibiri, mu wa Isakari bari ibihumbi cumi na bibiri,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:7
14 Referans Kwoze  

aba Leya ni Reyubeni imfura ya Yakobo, na Simeyoni, na Lewi, na Yuda, na Isakari, na Zebuloni;


Ayo ni yo mazu y’Abasimeyoni: bose bār’ ibihumbi mirongwibiri na bibiri n’amajana abiri.


Nukw Abayuda babarira ab’i wabo b’Abasimeyoni, bati Ni muze mufatanye natwe dutere Abanyakanani, dushikīre umugabane wacu twaheshejwe n’ubupfindo; natwe tuzofatanya namwe ngo mushikīre uwanyu. Nukw Abasimeyoni bajana na bo.


Wa mugabo w’Umwisirayeli yicanwa na wa Mumidiyanikazi, yitwa Zimuri, yari mwene Salu, yar’ umukuru w’inzu ya ba sekuruza wo mu ba Simeyoni.


Baharūra amavuka ya ba Simeyoni, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, amazina yabo bose, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abashobora kurwana mu ntambara bose:


Aya ni yo mazina ya bene Lewi, nk’ uko bagiye bavyarana: bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari; imyaka Lewi yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.


Simeyoni na Lewi baravukana; Ibirwanishwa vyabo n’ivyicanyi bakoresha ku manyama.


Leya aravuga, at’ Imana irangereye, kuko nahaye umugabo wanje incoreke yanje. Amwita Isakari.


Yongera gusama inda, avyara umuhungu; ati Noneh’ umugabo wanje arifatanya nanje, kuko mmuvyariye abahungu batatu: ni co catumye yitwa Lewi.


Ubupfindo bga kane bushika ku Bisakari, nk’ukw amazu y’Abisakari ari.


Ubupfindo bga kabiri bushika ku ba Simeyoni, nk’ukw amazu y’umuryango w’Abasimeyoni ari; kand’ ishamvu yabo yar’ itaye ikirimi mu y’umuryango w’ Abayuda.


Aziritse inyana yiwe y’indogoba ku muzabibu, N’umukangara w’indogoba awuziritse ku muzabibu wiwe w’indobanurwa; Amesuza impuzu ziwe vino, Imyambaro yiwe ayimesuza amaraso y’inzabibu.


Abo mu muryango wa Asheri n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Nafutali n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Manase n’ibihumbi cumi na bibiri:


Abo mu muryango wa Zebuloni n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Yosefu n’ibihumbi cumi na bibiri: Abo mu muryango wa Benyamini bādomwekw ikimenyetso n’ibihumbi cumi na bibiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite