Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:17
42 Referans Kwoze  

arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’ iriba rikaba ari rirerire, non’ ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe?


Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.


Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.


Untegurira ameza mu maso y’abansi banje; Wansīze amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasēsekaye.


Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.


Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi,


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.


Ni co gituma muzovomana umunezero mu mariba y’agakiza.


Kiza abantu bawe, uhe ishamvu yawe umugisha: Kand’ ubaragire, wame ubaramira ibihe bidashira.


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


Izuba ryawe ntirizoba rikirenga, kand’ ukwezi kwawe ntikuzoba kugikeha, kuko jewe Uhoraho nzokubera umuco utazoshira, kand’ imisi y’ikigandaro cawe izoba ishize.


Kand’ ubgire imbohe, uti Ni musohoke; n’ abari mu mwiza, uti Ni museruke ahabona. Bazogenda barisha umwagambo ku mayira, kand’ ahār’ uruharabuga hejuru ku misozi hazobabera ivyanya.


Abācunguwe n’ Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero udashira uzoba ku mitwe yabo: bazobona uguhimbarwa bo n’ umunezero, kand’ umubabaro n’ ugusuhuza umutima bizohunga.


Yemwe bantu b’i Siyoni, ababa i Yerusalemu: ntimuzoba mukirira ukundi; ntazobura kubagirira ubuntu ni yumva ijwi ry’ugutakamba kwanyu; acumva azobishura.


Kandi kur’ uyu musozi Uhoraho Nyen’ ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Abaciye bugufi bazorya bahāge, Abarondera Uhoraho bazomuhimbaza: Imitima yanyu irambe ibihe vyose.


Ku gisozi cose gishizwe hejuru no ku musozi wose muremure hazoba amasōko n’imigezi y’amazi, ku musi wo gutōtōra abantu rwose, ah’ iminara izosidukira.


Nukw abācunguwe n’Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero utazoshira uzohora ku mitwe yabo; bazoronka umunezero n’uguhimbarwa, kand’ umubabaro no gusuhuza umutima bizohunga vyambuke.


Kandi nzohimbarwa n’i Yerusalemu, nnezerwe n’abantu banje: kand’ ijwi ryo kurira ntirizohumvikana ukundi, cank’ ijwi ryo kuboroga.


Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’ Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite