Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 ‘Ntibazoba bagisonza, kandi ntibazoba bakinyoterwa. Izuba ntirizobakira ukundi,’ kandi nta bushuhe buzobica.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:16
23 Referans Kwoze  

Ntibazokwicwa n’inzara canke n’inyota, kand’ indugumba ntizobahundagaza cank’ izuba: kuk’ uwabagiriye ikigongwe azobaja imbere, akabashikana no ku masōko y’amazi.


arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.


Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.


Izuba ntirizokwica ku murango, Cank’ ukwezi mw ijoro.


Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.


Abashonje yabahāgije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure.


Impahazwa n’ abakene barondera amazi bakayabura, ururimi rwabo rukagwa umwumwa; jewe Uhoraho nzobishura, jewe Imana ya Isirayeli sinzobaheba.


Kuk’ umugorwa wamubereye igihome, wabereye igihome umukene mu vyago vyiwe, ukababera ubgugamo mu gihuhuta, n’igitūtu mu ndugumba, iy’ inkūbi y’abantu b’ agaterabgoba imeze nk’igihuhuta cisuka ku nzu.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana agize, ati Rāba, abasavyi banje bazorya, ariko mweho muzokwicwa n’inzara; abasavyi banje bazonywa, ariko mweho muzokwicwa n’inyota; abasavyi banje bazonezerwa, ariko mweho muzomāramāra:


Izuba rirashe, ziraraba, kukw ata mizi zifise, zirūma.


Ntimumpange amaso, kuko nirabura, Kukw izuba ari ryo ryanyirabuje. Abahungu ba mama bārandakiye, Banzigamishije imirima y’imizabibu, Arik’ urwanje ruzabibu sinaruzigamye.


Umutima wanje ugirira Imana inyota, Imana nzima: Nzoza ryari ngo nseruke mu nyonga z’Imana?


Kukw izuba rirasa, rizanye indugumba, rikūmisha ivyatsi, amashurwe yavyo agahunguruka, ubgiza bg’ishusho yayo bugashira. Uko ni k’umutunzi azoyonga mu ngendo ziwe.


ntibagire imizi muri bo, ariko bahagarara umwanya muto, maz’ iyo bādutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo bazira iryo jambo, bica bibagwisha.


izuba rirashe, ziraraba, kukw ata mizi zifise, zirūma.


ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n’amarushwa bo n’akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza.


Maz’ izuba rirashe, Imana igera umuyaga w’indugumba, ng’ uve i burasirazuba; izuba rinaga Yona mu mutwe, bituma ahinduka urusogosogo, yisabira gupfa, ati Gupfa vyondutira kubaho.


Kandi mur’ abo, uw’ ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’ inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.


Nkwayira amaboko; Umushaha wanje ukugirira inyota nk’iy’ igihugu cūmāniwe. Sela.


Mana, ni wewe Mana yanje; nzozinduka nkurondere. Umutima wanje ukugirira inyota, umubiri wanje ukwifuriza Mu gihugu cumye, kiruhijwe, kitagira amazi.


Uhoraho ni we muzigamyi wawe, Uhoraho ni we gitūtu cawe i buryo bgawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite