Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ni co gituma, bahagaze imbere y’intebe y’inganji y’Imana, bayihimbariza mu rusengero ijoro n’umurango, kandi uwicaye ku ntebe y’inganji azobahisha mw’ihema ryiwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:15
25 Referans Kwoze  

Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y’Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abagurano bayo bazokwama bashashe,


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Kuko Dawidi yari yavuze, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli yahaye abantu biwe impore, kandi kukw azohora aba i Yerusalemu ibihe vyose,


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, n’iri: dufise umuherezi mukuru ameze artyo, avyagiye i buryo bg’intebe y’Īhambaye cane yo mw ijuru,


Mbega ntimuzi yuko mur’ urusengero rw’Imana, kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebge?


Kandi nzoba mu Bisirayeli, sinzoheba abantu banje.


Kandi nzoba hagati mu Bisirayeli, mbe Imana yabo.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Nzoshira ihema ryanje hagati muri mwebge, kandi sinzokwigera ndabazinukwa.


Ihema ryanje na ryo rizoba kumwe na bo; nanje nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


Giteranura akanwa kaco kirogota ku Mana, kirogota no kw izina ryayo, no kw ihema ryayo, no ku baba mw ijuru.


Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’ Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite