Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Umwe muri ba bakuru arambaza, at’ Aba bambaye imvune zera ni ba nde, kandi bavuye hehe?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Umwe muri ba bashingantahe aca ambaza ati: “Aba bambaye amakanzu yera ni ba nde kandi bavuye he?”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:13
11 Referans Kwoze  

Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.


Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero, ati Jewe muranzi, n’aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, arik’ uwantumye n’uw’ ukuri, mwebge ntimumuzi;


Uwo mugore aragenda, abibarira umugabo wiwe, at’ Umuntu w’Imana yaje aho ndi; kandi mu maso hiwe hāsa n’ah’ umumarayika w’Imana, kandi hateye ubgoba cane. Ariko sinamubajije iy’ avuye, na we ntiyambgiye izina ryiwe.


Aramubaza, ati Hagari, ncoreke ya Sarayi, uva he ukaja he? Aramwishura, ati Mpunze mabuja Sarayi.


Nuko nēgēra umwe mu bari bahagazeho, ndamwinginga ngw ambarire ivy’ ukuri vyo mur’ ivyo vyose; arabimbgira, ammenyesha uko bisobanurwa.


Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?


Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite