Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Abamarayika bose bari bahagaze bakikuje ya ntebe y’inganji na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine. Baca bagwa bubamye imbere y’intebe y’inganji, basenga Imana

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:11
16 Referans Kwoze  

ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Ba bakuru mirongwibiri na bane, bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana,


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Kand’ ah’ izokwongera kuzana imfura yayo mw isi, it’ Abamarayika b’Imana bose bamusenge.


ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se; ūtubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So, abavugishwa n’Imana, n’uw’ abitondera amajambo y’iki gitabo. Imana ba ari yo usenga.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


Abasenga ibishushanyo bibājwe, Bakirata ivy’ ubusa, ni bamāramāre: Ibigirwamana vyose biramwunamira.


Ni co kizotuma umwami agomwa igikundiro cawe, Kukw ari we Mwami wawe, nawe umwunamire.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite