Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 basemerera n’ijwi rirenga, bat’ Agakiza n’ak’ Imana yacu ivyagiye kur’ irya ntebe n’ak’ Umwagazi w’Intama.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Baca basemerera n’ijwi rirenga bati: Agakiza ni ak’Imana yacu, yicaye ku ntebe y’inganji, n’Umwagazi w’intama.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:10
26 Referans Kwoze  

Hanyuma y’ivyo numva mw ijuru ikimeze nk’ijwi rirenga ry’ishengero ryinshi, riti Haleluya; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’ Imana yacu,


Agakiza n’ak’ Uhoraho: Umugisha utanga ube ku bantu bawe. Sela.


Mw ijuru numva ijwi rirenga, riti Noneh’ agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo: kuk’ Umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu.


Ni mubivuge, ni mubizane, mbere ni baje inama hamwe: ni nde yerekanye ivyo uhereye mu bihe vya kera? Ni nde yabimenyekanishije uhereye kera? Si jewe, Uhoraho? Kandi nta yindi Mana atari jewe, Imana igororotse kand’ Umukiza; nta yindi atari jewe.


Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y’Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abagurano bayo bazokwama bashashe,


Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana;


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Jewe, jewe nyene nd’ Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.


Maz’ abafise umubiri bose bazobona agakiza k’Imana.


N’ukuri kwishimira ugutabarwa kuva ku misozi n’ukw’ ubusa, bo n’akarūru ko ku misozi miremire: n’ukuri Uhoraho Imana yacu muri we ni ho har’ agakiza k’Abisirayeli.


Araza, agikūra mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe.


kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Mwebge musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kukw agakiza gaturuka mu Bayuda.


yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Ariko jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu, Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye. Agakiza kava k’Uhoraho.


Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe.


N’ukuri ur’ Imana yihishije, wewe Mana y’ Abisirayeli, Umukiza.


Ntabe ari twebge, Uhoraho, ntabe ari twebge, Arikw izina ryawe abe ari ryo uha icubahiro, Kubg’ imbabazi zawe n’ ukuri kwawe.


Arikw agakiza k’abagororotsi kanduruka k’Uhoraho, Ni we buhungiro bgabo mu gihe c’amagorwa.


Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli; azozana ibuye ryo gusōzēra kwubaka, basēsereza impundu, bat’ Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite