Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mbona ifarasi ibenjutse; kand’ ūyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabga ububasha ku kigira kane c’isi, ngo babicishe inkota n’inzara n’urupfu n’ibikōko vyo kw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Haca haza ifarasi isa n’urwatsi rubisi. Uwuyigenderako yitwa Rupfu, uwaje amukurikira na we yitwa Kuzimu. Baca bahabwa ububasha, ku ca kane c’isi, bwo kumarisha abantu inkota, inzara, ingwara, n’ibikoko vyo mw’ishamba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:8
26 Referans Kwoze  

Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


uwa gatatu wakwegwa n’amafarasi y’ibitare; uwa kane wakwegwa n’amafarasi y’ibibamba mu tugajo.


Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


ati Bazopfa rubi: ntibazoborogerwa, ntibazohambga; bazoba nk’intabire yometse ku misozi: bazoba bamazwe n’inkota n’inzara; kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisiga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi.


Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo.


Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu.


Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?


Kand’ ikindi, abo bantu n’imborerwa, n’abantu bihayagiza, bataragama i wabo; baromoye nk’i kuzimu, bameze nk’urupfu, ntibahāga; ariko biyegeranirizakw amahanga yose, bakikumakumirakw amoko yose.


Ehe nzotuma ku barovyi benshi, ni jewe Uhoraho mbivuze, bazobaroba; hanyuma nzotuma ku bahīgi benshi, na bo bazobahiga ku gisozi cose no ku karambi kose no mu vyobo vyo mu bitandara.


Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.


Kand’ azoza atere igihugu ca Egiputa; abagerewe kwicwa bazoja kwicwa, abagerewe umugozi bazoja mu mugozi, abagerewe inkota bazoja ku nkota.


Ibirenge vyiwe bimanuka mu rupfu; Intambuko ziwe zimushikana i kuzimu;


Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Kandi nzorungika inkota n’inzara n’ikīza muri bo, gushitsa aho bazoba baherengeteye mu gihugu nabahānye na ba sekuruza.


uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba nzorungika inkota n’ inzara n’ikīza muri bo, mbahindure nk’insukoni ziteye ishishi, zidashoboka kuribga kubgo kubora.


Kandi nzogushiburira mu bugaragwa, mwe n’amafi yose yo mu nzūzi zawe: uzogwa mu gahinga ka sabaderi; ntuzoruha unobga canke ngo wēgeranywe; naragutanze ng’ ube ivyo kurya vy’ibikōko vyo kw isi n’ibisīga vyo mu kirēre.


Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami; amapfa no kunyiganyiga kw’isi bizobaho henshi;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite