Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Haza iyindi farasi y’akagajo, ūyicayeko ahabga gukūra amahoro mw isi, ngo bicane: kand’ ahabga inkota ndende.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Haca haza iyindi farasi itukura. Uwayigenderako aca ahabwa ububasha bwo gukura amahoro kw’isi, no gutuma abantu bicana. Aca ahabwa inkota nini.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:4
17 Referans Kwoze  

Umukogote wa mbere wakwegwa n’amafarasi y’utugajo; uwa kabiri wakwegwa n’amafarasi y’ imifyiri;


Mwoye kwiyumvira ngo naje gutera amahoro mw isi: sinaje gutera amahoro, atar’ inkota.


Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.


Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.


Zekariya aravuga, ati Mw ijoro nagize ntya, mbona umuntu agendera kw ifarasi y’akagajo, ahagaze hagati y’ibiti vy’imihadasi vyo mu gasōko; kand’ inyuma yiwe hār’ amafarasi y’utugajo n’ay’ utunyomvyi n’ay’ ibitare.


Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.


Mw ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigāra ndwi.


Yesu aramwishura, ati Nta bubasha war’ ufise kuri jewe, shit’ ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Uhoraho we, haguruka, Ubahagarare mu ruhanga, ubatūre hasi. Ukize umutima wanje umunyakibi, uwukirishije inkota yawe;


Muzokwumva intambara n’impuha z’intambara: mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite