Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Abami bo mw isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abagurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Maze abami bo kw’isi, abahambaye, abasoda bakuru, abatunzi, abakomeye, abagurano n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vy’amabuye vyo mu misozi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:15
19 Referans Kwoze  

Kand’ abantu bazokwinjira mu masenga yo mu bitandara, no mu vyobo vyo mu kuzimu, bahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.


aje mu masenga yo mu bitandara, no mu bihoro vyo mu bitandara nyene, ahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi.


Injira mw isenga, wihishe mu mukungugu, uhunge ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe.


(isi ntiyar’ ibabereye ko bayibamwo), bāyerera mu bugaragwa no mu bisozi no mu masenga no mu vyobo.


Bazorigata umukungugu nk’inzoka, basokoroke mu binyegero vyabo nk’ivyikwega hasi, bahinda agashitsi; bazoza k’Uhoraho Imana yacu batinya, bafise ubgoba.


Aba bantu n’abantu bāsahuwe, bānyazwe inkōkōre; bose bāratezwe, bagwa mu vyobo, kandi babanyegeje mu mabohero; n’abo gucika inyagano, ata wo kubakiza; n’abo gucika inyagano, ata wo kuvuga ati Barekure.


Ni we amara igabo abaganwa, Agatera ubgoba abami bo mw isi.


Maz’ Abisirayeli babonye ko babuze epfo na ruguru, kuko bāri mu karindiro, baja kwinyegeza mu masenga no mu bisaka no mu bitandara no mu bihuma no mu vyobo vyimbiwe kubīka amazi.


Nukw Abamidiyani bamara igabo Abisirayeli, bituma Abisirayeli bironderera aho kuja kunyegera mu bihuma vyo ku misozi no mu masenga no mu maboma kubg’ abo Bamidiyani.


Bumva ijwi ry’Uhoraho Imana agendagenda mur’ iryo tongo mu gihe c’akayaga ko ku kagoroba: uwo muntu n’umugore wiwe binyegeza mu biti vyo mur’ iryo tongo, ng’Uhoraho Imana ntababone.


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite