Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 ijuru ririzinga, nk’umuzingo w’igitabo kizinzwe: imisozi yose n’ibizinga vyo mu kiyaga vyose bikūrwa ahantu havyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ijuru rica ririzinga nk’umuzingo w’igitabu bazinze, imisozi n’amazinga vyose bikurwa aho vyahora.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:14
16 Referans Kwoze  

Ingabo z’inyenyeri zo kw ijuru zose zizokamangana, kand’ amajuru azozingirwa hamwe nk’umuzingo w’igitabo, n’izo ngabo zayo zose zizokabirana, nk’ukw akaragarira kava ku muzabibu, kandi nk’ ukw akaragarira kava ku musukoni.


Ibizinga vyo mu kiyaga vyose birahunga, kand’ imisozi ntiyasubira kuboneka.


Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


Ivyo bizoshira, ariko weho uzohoraho, Mber’ ivyo vyose bizosāza nk’impuzu, Uzobikūranya nk’impuzu, bikūranwe n’ibindi;


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


bitume amafi yo mu kiyaga, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ivyikwega vyose vyikwega hasi, n’abantu bose bari kw isi, bihindira agashitsi imbere yanje, n’imisozi yubikwe, n’ahantu h’agatembge hasiduke, n’inzitiro zose zisenyukire hasi.


Kukw imisozi izovaho, n’uturambi tuzokūrwaho, arik’ ubuntu bganje ntibuzokuvako, kandi n’isezerano ry’amahoro nagusezeraniye ntirizokūrwaho, ni jewe Uhoraho nkugirira ikigongwe mbivuze.


Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.


Arahagarara, agera ubunini bg’isi; Arāba igitsure, amahanga agahinda agashitsi; Imisozi y’intahava irasanzara, Uturambi tw’inyame turanyika; Ajana inzira ziwe za kera.


Imisozi ishizwe mu gatengo na we, n’uturambi turashonze; isi isebagizwa imbere yiwe, isi n’abayibako bose.


Ehe tuzohigūra twe nawe, wa musozi ugeseza we, ni jewe Uhoraho mbivuze, wagesheje isi yose: nzokubangurirak’ ukuboko kwanje, ngucuranguze ngukūre ku rutare, nguhindure umusozi uhiye inkomvorera.


Imisozi yarakubonye, irasambagirika; Amazi arahondogana: I bgina humvikanisha ijwi ryaho, Hatarika amaboko yaho.


N’ukuri kwishimira ugutabarwa kuva ku misozi n’ukw’ ubusa, bo n’akarūru ko ku misozi miremire: n’ukuri Uhoraho Imana yacu muri we ni ho har’ agakiza k’Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite