Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 inyenyeri zo kw ijuru zikorokera hasi, nk’uk’ umusukoni uzungagizwa n’igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 inyenyeri zo kw’ijuru zikoragurikira kw’isi nk’ivyamwa vy’insukoni bikoroka biva ku giti kinyiganyijwe n’umuyaga w’igihuhusi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:13
15 Referans Kwoze  

Ingabo z’inyenyeri zo kw ijuru zose zizokamangana, kand’ amajuru azozingirwa hamwe nk’umuzingo w’igitabo, n’izo ngabo zayo zose zizokabirana, nk’ukw akaragarira kava ku muzabibu, kandi nk’ ukw akaragarira kava ku musukoni.


Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.


Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw isi ivuye kw ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu.


Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw ijuru, mber’ ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi, rirabisiribanga.


Igihe nzokudorongeza, nzotwikira ijuru, n’ inyenyeri ntume zicura umwiza; izuba nzoritwikiriza igicu, kand’ ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo.


Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda;


Babūrira umuryango wa Dawidi, bat’ Abasiriya bifatanije n’Abefurayimu. Maz’ umutima wa Ahazi urahungabana, bo n’imitima y’ abantu biwe, nk’ukw ibiti vyo mu kibira bihungabanywa n’umuyaga.


Amaboma yawe yose azoba nk’ibiti vy’imisukoni, birikw insukoni z’isega: iyo binyiganyigijwe zigahungurukira mu kanwa k’ umuryi.


asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco.


Igihugu kiriganyira, kirahondobereye: Lebanoni haratēterewe, harakabiranye; Sharoni hameze nk’ ubugaragwa; Bashani na Karumeli hakoraguye amababi.


Kukw inyenyeri zo kw ijuru n’uburundo bgazo bitazokwaka, izuba rizocura umwiza rikirasa, n’ukwezi ntikuzobonesha umuco wakwo.


Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.


n’inyenyeri zizoba ziriko zirakoragurika ziva kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.


Azokenyanywa nk’uk’ umuzabibu ukorora inzabibu zawo zikir’ ibitumbge, Nk’uk’ umwelayo uhungurutsekw amashurwe yawo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite