Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa ah’ igitigiri c’abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:11
19 Referans Kwoze  

Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


kukw Imana yatuboneye kera ikirushiriza kuba ciza, kugira ngw abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe.


Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.


Nuko ni wīgīre, urīndīre iherezo; kuk’ uzoruhuka, kand’ uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi.


Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.


Gihabga guha ico gishushanyo c’igikōko guhūmēka, ngw ico gishushanyo c’igikōko kivuge, kandi cicishe abatazogisenga bose.


Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe.


Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge,


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,


narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Kuk’ ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo.


n’ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru, mwegereye n’Imana umucamanza wa bose, n’impwemu z’abagororotsi batunganijwe rwose,


arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, n’isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, ati Ntibigitevye:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite