Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Basemerera n’ijwi rirenga bati: “Uzogeza ryari, Mwami uganje, uwera kandi uw’ukuri, uzorindira gushika ryari, kugira ngo ucire ababa kw’isi imanza, uhore amaraso yacu?”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:10
33 Referans Kwoze  

kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize.


Kuk’ ūhōra amaraso abibuka, Ntiyibagira ugutakamba kw’ abaciye bugufi.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,


Kukw iyo misi izoba iyo guhōra, kugira ngw ivyanditswe vyose bishike.


Umumarayika w’Uhoraho araheza aravuga, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, uzogeza ryari kutagirira Yerusalemu ikigongwe, n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi?


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


Kandi mur’ ico gisagara amaraso y’abavugishwa n’Imana n’ay’ abera n’ay’ abishwe bo kw isi bose ni ho yabonetse.


N’iki gituma abanyamahanga bavuga, ngw Imana yabo iri hehe? Ingen’ uhōra amaraso y’ abasavyi bawe yavuye Ni bimenyekane mu banyamahanga imbere yacu.


Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe, Uhoraho n’abe ari we azokumpōra; arik’ ukuboko kwanje ntikuzogukorako.


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Na we aramubaza, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Ijwi ry’amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kw isi.


mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Umwe abaza wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, at’ Ivyo bitangaza bizoshitsa ryari?


ngo mmenyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’ umusi wo kwīhōra w’Imana yacu; ngo nirure abagandaye bose,


Mwami, uzogeza hehe kubirāba irarirari? Kiza ubugingo bganje ukugeseza kuri muri bo, Ico mfise rudende gikize intambge.


Uhoraho, uzogeza hehe kwama unyibagira imisi yose? Uzogeza hehe kumpisha mu nyonga hawe?


Maze Samusoni atakambira Uhoraho, at’ Ewe Mwami Uhoraho, ndakwinginze nyibuka, umpe se inkomezi iri rimwe gusa, Mana, nsubirize Abafilisitiya mu nkōko aka kanya gusa, mpōre amaso yanje yompi.


Maze numva uwera avuga; kand’ uwundi mu bera abaza umwe yabanje kuvuga, ati Bizogeza ryari ivyerekanywe vy’ikimazi cahora gitangwa, n’ivy’ igicumuro kizanye ubugesera, gitumye ahantu hēra n’ingabo bitangwa bigasiribangwa?


Mbeg’ imisi y’ubugingo bg’ umusavyi wawe n’ingahe? Abampama uzobacirakw iteka ryari?


ati Databuja, noneh’ urasezeye umusavyi wawe amahoro, Nk’uko wavuze:


Ariko hār’ abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bg’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebge hazobah’ abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona: bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bīhamagarire uguhona gutebutse.


Uhoraho we, uzobasubiriza mu nkōko ibihwanye n’ibikorwa vy’amaboko yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite