Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:1
17 Referans Kwoze  

Mbona igitabo mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n’inyuma, kidombagijek’ udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw’ ikimenyetso.


Kand’ amennye ica gatatu kimatanije ca gitabo, numva ikigira gatatu mu binyabugingo, kiti Ngwino. Mbona ifarasi y’agafyiri: kand’ ūyicayeko yar’ afise umunzane mu minwe.


Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.


Kand’ amennye ica kane kimatanije ico gitabo, numva ijwi ry’ikigira kane mu binyabugingo, kiti Ngwino.


Numva ijwi rivuye mw ijuru, nk’iry’ amazi menshi asūma, kandi nk’iry’ inkuba ituragara cane: kand’ iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’ abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Kand’ amennye ica kabiri kimatanije ca gitabo, numva ikigira kabiri mu binyabugingo, kiti Ngwino.


kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.


Kand’ amennye ikigira indwi kimatanije ico gitabo, haba agacerere mw ijuru nk’igihimba c’isaha.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite