Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Maze umwe muri ba bashingantahe arambwira ati: “Reka kurira! Ehe, intambwe yo mu muryango wa Yuda, uwukomoka mu muryango wa Dawidi, yaranesheje. Ni we abereye kumena ibintu indwi bimatanije uwo muzingo w’igitabu no kuwugurura.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 5:5
25 Referans Kwoze  

Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


Birazwi yuk’ Umwami wacu yakomotse kuri Yuda, kand’ uwo muryango Mose nta co yawuvuzeko c’ubuherezi.


Kandi Yesaya na we yaravuze, ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.


buvuga ivy’ Umwana wayo, yavutse mu ruvyaro rwa Dawidi mu buryo bg’umubiri,


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Buza ijwi ryawe ryoye kurira, n’amaso yawe yoye gukorora amosozi, kukw ibikorwa vyawe bizokwishurwa, ni k’Uhoraho agize; kandi bazosubira kugaruka bavuye mu gihugu c’abansi.


Umwe muri ba bakuru arambaza, at’ Aba bambaye imvune zera ni ba nde, kandi bavuye hehe?


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


Baramubaza, bati Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Na we ati N’uko bakūyeh’ Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Barabunze, baryama nk’intambge, Mbere nk’intambge y’ingore: ni nde yohāngāra kubavyutsa? Ūzobahezagira na we ahezagirwe, Ūzobavuma na we avumwe.


Yesu arabakebuka, ati Yemwe bakobga b’i Yerusalemu, ntimundirire, ariko mwiririre n’abana banyu,


Asanga bamuririra bose, bīshishitira. Arababarira, ati Nta co murira, ntahwereye, arikw arasinziriye.


Nuko nēgēra umwe mu bari bahagazeho, ndamwinginga ngw ambarire ivy’ ukuri vyo mur’ ivyo vyose; arabimbgira, ammenyesha uko bisobanurwa.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Nanje ndizwa cane n’uko hatabonetse ūbereye kuzingurura ico gitabo canke kukirāba.


Kandi hār’ ibishushanyo vy’ intambge cumi na bibiri, bidondagije kimwe‐kimwe impande zompi z’aho kudondagira ukw ari hatandatu; mu bihugu vyose nta ntebe y’ubgami yigeze kubāzwa ihwanye n’iyo.


iyo ntebe yar’ ifise aho kudondagira hatandatu, n’agatebe ko gushirakw ibirenge gacuzwe mw izahabu, gafatanijwe n’iyo ntebe; kand’ impande zompi z’icicaro cayo yar’ ifise aho gushirakw amaboko, n’ibishushanyo bibiri vy’intambge, kimwe gihagaze ku ruhande rumwe, ikindi ku rundi rw’ahashirwa amaboko nyene.


Ibigaragamba vyayo vy’inkomezi ni vyo igenda yishinzako; Bigerekeranye hamwe nk’ ivyamatanijwe rwose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite